Uko wahagera

Perezida Bashir Yahamagawe Kwisigura mu Butungane bw'Igihugu


Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir
Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir

Umushirizamanza mukuru wa Sudani yatumyeko perezida Omar al-Bashir aheruka gukurwa ku butegetsi kubazwa ku mafaranga yaronse mu buryo buciye kubiri n’amategetko hamwe no gufashisha amafaranga iterabwoba. Ivyo vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Sudani SUNA kur’uyu wa kane.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru vyemeje ayo makuru yashikirijwe n’iryo tororokanirizo ry’amakuru.

Bashir, yafashe ubutegetsi arinze gutembegaza intwaro yariho mu 1989, yatwaye Sudani n’igikenye mu myaka yababa mirongo itatu.

Ku ntwaro yiwe, Reta zunze ubumwe z’Amerika zashize Sudani ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba mu kwagiriza ico gihugu gukorana n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Mu kwezi guheze umukuru w’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Sudani, Jenerali Abdel Fattah al-Burhan yavuze ko imiliyoni zirenga 113 z’amadolari zafashwe zikuwe aho Bashir aba. Yavuze kandi ko umurwi w’abaporisi bafadikanije n’abasirikare bafashe imiliyoni indwi z’amafaranga y’abanyabulaya, hamwe n’ayandi mu rugo rwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG