Uko wahagera

Sudani: Perezida Omar Bashir Yimuriwe mw'Ibohero i Khartoum


Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir ashikiriza ijambo ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Khartoum, 22/2/2019.
Uwahoze ari perezida wa Sudani Omar al-Bashir ashikiriza ijambo ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Khartoum, 22/2/2019.

Igisirikare c’igihugu ca Sudani cimuriye perezida yakuwe ku butegetsi Omar al-Bashir mw’ibohero ryo ku murwa mukuru, Khartoum.

Ivyo bibaye mu gihe abantu amajana n’amajana bagize imyiyerekano uno musi ku wa gatatu hanze y’icicaro c’igisirikare ku murwa amukuru, Khartoum. Bariko basaba gushira bidatevye ubuyobozi mu minwe y’abasivile.

Igisirikare cakuye ku butegetsi Perezida Bashir mu ndwi iheze. Hari inyuma y’imyiyerekano mu mabarabara yamaze amezi atari make. Iyo myiyerekano yari iy’ukwiyamiriza intwaro yiwe yari imaze imyaka 30.

Kuva akuwe ku butegetsi al-Bashir yari yashizwe mu kibanza gikingiwe.

Igisirikare ca Sudani gitangaza ko kitazomushikiriza sentare mpuzamakungu mpanavyaha kugira acirwe urubanza ku vyaha vyo mu ngwano n’ivyaha vy’ihonyabwoko yagirizwa ko yakoze mu ntara ya Darfur. Yamara gitangaza ko kizomushira imbere y’intahe mu gihugu.

Abateguye imyiyerekano basavye igisirikare kwimurira al-Bashir mw’ibohero ry’ukuri.

Muri ico gihe, Reta y’iguhugu ca Uganda yatangaje ko izokwihweza ivyerekeye guha ubuhungiro Omar al-Bashir. Ivyo naho aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Ivyo vyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Uganda uno musi ku wa gatatu.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Uganda, Henry Okello Oryen avuga ko igihugu ciwe gishobora kwihweza ivyerekeye guha Bashir ubuhungiro hamwe yoba avyifpuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG