Uko wahagera

Abasirikare ba Sudani Ntibazatanga Omar Bashir muri CPI


Umushikiranganji wo kwivuna wa Sudani, ari kumwe n'umukuru w'ibiro vya gisirikare Lt. Gen. Kamal Abdul Murof Al-mahi arahijwe nk'uhurongoye inama y'igihugu y'imfatakibanza muri Sudani

Indongozi nshasha za gisirikare zafashe ubutegetsi muri Sudani zivuga ko zitegekanya gusubiza igihugu ku ntwaro y’abasivile, mu myaka ibiri.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu, Jenerali Omar Zein Abedeen yavuze kandi ko ata mugambi wo gutanga perezida yakuwe Omar al-Bashir muri sentare mpuzamakungu ku vyaha vyo mu ntambara, hamwe n’ivyaha vy’ihonyabwoko.

Abiyerekana muri Sudani, bamaze amezi ane biyamiriza intwaro y’igikenye ya bashir, ejo kuwa kane baranse kwubahiriza itegeko ryo kudatembera mw’ijoro ryashizweho inyuma y’aho abasirikare batembagarije perezida. Bavuga ko bakeneye abategetsi b’abasivile mu gishingo c’abasirikare.

Reta zunze ubumwe za Amerika zasavye abasirikare ba Sudani kudahohotera abanyagihugu no gutanga umwanya ku basivile muri reta nshasha.

Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya usaba ko ubutegetsi buhabwa abasivile.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG