Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu avuga ko agiye kubandanya arongoye igihugu iyindi myaka iri imbere naho yagirizwa ivyaha vyo kurya ruswa.
Yunganiye mugenzi we wa hafi kandi amushigikiye perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump. Netanyahu yavuze ko ivyo yagirizwa ari nko guhiga umurozi bishingiye kuri politike.
Inyuma y’imyaka ibiri y’amatohoza yakozwe n’igiporisi, umushikirizamanza mukuru wa Isirayeli, Avichai Mandelblit yatangaje ko agamije kwegeka kuri Netanyahu ivyaha vyo kurya ruswa, no kunyuruza.
Umushikiranganji wa mbere akekwa kuba yarakiriye utuganuke tw’abatunzi bakomeye cane mu gihugu dufise agaciro kangana n’ibihumbi amajana vy’amadolari y’Abanyamerika, nawe abaguriza kubemerera bakabandikako amakuru meza mu bimenyeshamakuru na internet.
Netanyahu abwirizwa guhabwa ikiringo co kwiregura imbere y’urubanza rwa nyuma rushobora kuba inyuma y’amatora yo mu kwezi kwa kane itariki 9 uyu mwaka.
Facebook Forum