Uko wahagera

Isirayeli: Netanyahu Yagirizwa Kurya Ruswa


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu arongoye inama nshikranganji, mu biro vyiwe i Yerusalemu, Ukwezi kwa kabiri, itariki 11, 2018.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu arongoye inama nshikranganji, mu biro vyiwe i Yerusalemu, Ukwezi kwa kabiri, itariki 11, 2018.

Igiporisi co muri Isirayeli casavye kur’uyu wa kabiri ubutungane gukurikirana umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu ku vyaha vyo kurya ibiturire, ukunyuruza imitungo, ariko Netanyahu yongeye kuvuga ko ata kimwagira kandi atiteze gutanga imihoho.

Ingingo yo kumutohozako izofatwa n’umushikirizamanza mukuru wa reta, Avishaï Mandelblit, ingingo ishobora gufata indwi zitari nke canke amezi.

Mw’itangazo igiporisi casohoye kur'uyu wa kabiri, cavuze ko gifise ivyemeza ku vyo kirega umushikiranganji wa mbere.

Kimwe mu vyo yagirizwa, Netanyahu akekwa kuba yarariye ibiturire yahawe n’abatunzi nka James Packer, umunya Australiya hamwe na Arnon Milchan, umunya Isirayeli akora mu vyo amareresi mu gisagara ca Hollywood.

Kubw’igipolisi, abo bagwizatunga bapfumbatishike Benjamin Netanyahu hamwe n’abo mu muryango wiwe ibintu biciye agaciro k'imiliyoni 230 z’amafaranga y’Abanyabulaya hagati y’imyaka ya 2007 na 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG