Uko wahagera

Isirayeli: Netanyahu Akurikiranwa n'Igiporisi


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu.

Igiporisi muri Isirayeli casavye ko umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu hamwe n’umutambukanyi wiwe, Sara, bahanwa ku vyaha bagirizwa vyo gutanga ibiturire n’ibindi vyaha.

Ibisabwa n’igiporisi bishingiye ku matohoza cakoze mu ntumbero yo kumenya nimba hari uburusho yahaye ishirahamwe Bezeq, rijejwe gutumatumanako amakuru mur’ico gihugu ca Isirayeli, kugira rivuge neza kandi rihe ishusho nziza umushikiranganji wa mbere.

Igiporisi kivuga ko hari ivyemeza bituma uwo muryango ufatirwa ibihano ku vyaha vy’ugutanga ibiturire, ukunyuruza, hamwe n’ibindi.

Netanyahu yagiriza igiporisi ca Isirayeli ko izo ngingo zafashwe kandi zongera ziratangazwa n’imbere yuko amatohoza atangura.

Umushikirizamanza mukuru wa Republika muri Isirayeli, niwe azofata ingingo nimba Netanyahu azofatirwa ibihano.

Igiporisi cari caramaze gusaba ko umushikiranganji wa mbere ahanwa ku bindi vyaha bibiri vyo gutanga ibiturire.

Ivyagiriji vy’ibiturire vyaravuzwe kandi no kuri Sara Netanyahu bifatiye ku buzima bwiza burenze urugero abayeho hamwe n’inyifato yiwe y’ukwishira hejuru n’ubwibone.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG