Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Israyeri Yasambishijwe


Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel Benjamin Netanyahu

Igipolisi casambishije umushikiranganji wa mberew’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, mu biri mw’itohoza ku vyaha yagirizwa bijanye na ruswa.

Igipolisi cashitse ku nyubakwa ya Netantahu mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu aho imyiyerekano y’ukumwiyamiriza yaza yatanguye.

Netanyahu yasambishijwe ku vyuko niba yashize imbere amategeko afasha isosiyete ijejwe ivyerekeye uguhanahana amakuru Bezeq kugira rimuvuge neza n’umutambukanyi wiwe ku kibanza c’ugutangarizako amakuru c’iyo sosiyete.

Igipolisi casavye ko Netanyahu akwirikiranwa ku yandi madosiye abiri ajanye na ruswa.

Benjamina Netanyahu yahakanye ko yigeze akora ikosa na rimwe. Yavuze ko ivyo yagirizwa n’irementanya ry’abamenyeshamakuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG