Uko wahagera

Trump Ntashimishwa n'Ivyumvikanyweko ku Kibazo c'Uruhome


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika yishura abamenyeshamakuru mu biro vya White House, itariki 12/02/2019.
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika yishura abamenyeshamakuru mu biro vya White House, itariki 12/02/2019.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yashikirije ejo ku musi wa kabiri ko atashimishijwe n’amasezerano abashingamateka bashitseko yo kwubaka igice gito c’uruhome ku rubibe Amerika ihana na Mexique, ariko ngo ntabona ko ibikorwa vya reta bishobora kwongera kuzohagarikwa n’ukutumvikana.

Trump avuga ko ategekanya gusinya itegeko rizoba ririmwo umuriyaridi 1.375 vy’amadolari yo kwubaka ibirometero 88 vy’uruzitiro ku rubibe, hafi ica kane c’imiriyarirdi 5.7 yari yarasavye ngo yubake uruhome.

Amafaranga ashika ica kane ariko arakoreshwa na reta azoherana n’isaha zitandatu z’ijoro kuwa gatanu w’iyi ndwi, arimwo n’ayakoreshwa n’igisata gicungera imbibe cegukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Trump yashikirije ko ariko ararondera ahandi yokwikora mu yandi mafaranga ya reta kugira yubake uruhome yipfuza, atarinze gusaba ko yemerwa n’abashingamateka, umukenyuro mu gihe yowukora ashobora kwita mu mutego kuko abashingamateka bashobora guca bakoresha amategeko ngo bamuzibire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG