Uko wahagera

USA: Boba Bashitse ku Masezerano Abuza Iyindi Shutdown


Ibiro vy'inama nshingamateka na nkenguzamateka vya Reta zunze ubumwe za Amerika.
Ibiro vy'inama nshingamateka na nkenguzamateka vya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abasenateri mu migambwe ikomeye uko ari ibiri muri Reta zunze ubumwe za Amerika bari mu biganiro vyo kwiga ku mafaranga reta izokoresha no gukinga ntihasubire kuba uguhagarika imirimo ya reta mu mpera z’iyi ndwi, biranugwanugwa ko boba bashitse ku masezerano.

Nta n’umwe muri bo yashimye kugira ico ashikirije ku biri muri ayo masezerano, canke ngo avuge nimba perezida Donald Trump bamwemereye amafaranga asaba yo kwubaka uruzitiro ku rubibe rwo mu bumanuko rwa Reta zunze ubumwe za Amerika.

Abo mu mugambwe w’abademokrate bemeye amafaranga azokoreshwa ku mutekano w’urubibe, ari munsi y’ayasabwa na Trump kugira uruhome yipfuza rwubakwe.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu White House hamwe n’abashingamateka bariko biruka n’umwanya kugira umusi wa nyuma wo kuwa gatanu aho amafaranga reta iriko irakoresha azoba yaheze, kugira igihugu ntigisubire mu bihitiye aho ibikorwa vya reta vyahagaritswe imisi 35 yose, ibitari bwigere biba muri Amerika.

Mwomenya ko perezida Trump yari mu gisagara ca El Paso, muri Reta ya Texas ku mugoroba w’ejo kuwa mbere kwamamaza ivy’uruhome yipfuza kwubaka ruzokumira abinjira mu gihugu mu buryo buciye kubiri n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG