Uko wahagera

Uwugira 5 Yapfuye Inyuma y'Igitero c'iterabwoba i Strasbourg


Abantu bitwaje amabouji n'amashirwe bakoraniye ahapfiriye abantu i Strasbourg, italiki 16/12/2018.
Abantu bitwaje amabouji n'amashirwe bakoraniye ahapfiriye abantu i Strasbourg, italiki 16/12/2018.

Umuntu agira gatanu yarapfuye ejo kuw’Imana ahitanwe n’ibikomere ku masasu yo mu ndwi iheze mu gitero c’iterabwoba kw’isoko y’utuganuke twa Noheli mu gisagara ca Strasbourg mu Bufaransa.

Ubutungane bw’Ubufaransa bwashikirije ko uyu apfuye afise ubwenegihugu bwa Pologne.

Abandi bane barapfuye 11 barakomereka igihe umugabo yitwaje inkoho yari azwi kw’izina rya Cherif Chekatt, arasiye kur’iyo soko i Strasbourg kuwa kabiri w’indwi iheze, mu nyuma nawe yicwa n'abajejwe umutekano.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG