Uko wahagera

Abashika 3 Bishwe 11 Barakomereka mu Gitero i Strasbourg


Kw'isoko y'utuganuke twa Noheli i Strasbourg
Kw'isoko y'utuganuke twa Noheli i Strasbourg

Igiporisi c’Ubufaransa kiriko kirarondera umuntu yitwaje inkoho yarashe hafi y’isoko idandarizwamwo utuganuke twa Noheli hagati mu gisagara ca Strasbourg, yica abantu bashika batatu yongera akomeretsa cumi n’umwe.

Igiporisi kivuga ko uwo akekwa ubwo bwicanyi, ashobora kuba nawe yarakomeretse ariko arasana n’abapolisi, yaciye ahunga. Kimwe mu bimenyeshamakuru mu Bufaransa kivuga ko igiporisi camaze kumukikuza aho yihishije mu mangazini.

Uwo mugabo yishe yari ku rutonde rw’abakekwa kuba bafise ivyiyumviro vy’iterabwoba kandi yaronderwa kugira abazwe no ku caha c’ubusuma.

Imvo yatumye arasa ntiramenyekana kandi nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero.

Mwomenya ko Strasbourg ariho hari icicaro c’inama nshingamateka ya Bulaya, ikaba yaciye yugarwa inyuma y’ayo masasu.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG