Uko wahagera

Umutekano Wongerewe Bikomeye mu Bufransa


Perezida Emmanuel Macron akorana inama n'abategetsi bakomeye ba reta ye tariki ya 11 y'ukwa 12, 2018.
Perezida Emmanuel Macron akorana inama n'abategetsi bakomeye ba reta ye tariki ya 11 y'ukwa 12, 2018.

Igikorwa c’uguhiga umuntu yitwaje ikirwanisho yishe abantu batatu akomeretsa abandi 13 mu gihugu c’Ubufransa kirakomeje. Abo bantu biciwe mu gitero cagizwe ku muhingamo wo ku musi wa kabiri mu kibanza kigurishirizwamwo ibintu bijanye n’umusi mukuru wa Noel hagati mu gisagara ca Strasbourg.

Abategetsi b’Ubufransa barungitse uno musi ku wa gatatu abapolisi amajana n’amajana muri ico gisagara ca Strasbourg. Bavuga ko izina ry’uwo muntu yikekwa w’imyaka 29 ari Cherif Chekatt. Bamenyesha ko yari ku rutonde rw’abikekwa ko ari intagondwa. Imvo zatumye agira igitero co ku musi wa kabiri ntiziwi.

Abo bategetsi bongereje bikomeye umutekano cane cane ku mbibe no mu bibanza bigurishirizwamwo ibintu bijanye n’umusi mukuru wa Noel.

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, yagirishije inama yihutirwa mu biro vyiwe ku murwa mukuru, Paris. Iyo nama yari igenewe kuganira intambwe zimaze gushikwako ku bijanye n’itohoza hamwe n’izindi ngingo zerekeye umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG