Uko wahagera

Uwishe Abantu i Strasbourg mu Bufaransa Yishwe n'Igiporisi

Igiporisi c'Ubufaransa muri distrikte ya Neudorf i Strasbourg, mu buseruko bw'Ubufaransa, italiki 13/12/2018.
Igiporisi c'Ubufaransa muri distrikte ya Neudorf i Strasbourg, mu buseruko bw'Ubufaransa, italiki 13/12/2018.

Abaporisi barenga 700 nibo bari mu ruhigi rwa Cherif Chekatt kuva umusi akora ico gitero, cakomerekeje kandi abantu 13.

Igiporisi c’Ubufaransa carashe congera kirica umugabo yagirizwa kwica abantu batatu ku musi wa kabiri mw’isoko idandarizwamwo utuganuke twa Noheli mu gisagara ca Strasbourg, nkuko vyashikirijwe n’ibimenyeshamakuru bitari bike.

Abaporisi barenga 700 nibo bari mu ruhigi rwa Cherif Chekatt kuva umusi akora ico gitero, cakomerekeje kandi abantu 13.

Abategetsi bavuze ko uwo mugabo w’imyaka 29 yari ku rutonde rw’abakurikiranirwa hafi bakekwa ivyiyumviro vy’intagondwa. Icatumye akora ubwo bwicanyi ntikiramenyekana.

Ubwicanyi bukorwa n’intagondwa buramenyerewe mu Bufaransa. Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu waragavye ibitero bibiri mu guturitsa amabombe no kurasa i Paris mu kwezi kwa cumi na kumwe 2015, hapfa abantu 130. Muri 2016, ikamyo yaragonze abantu mu gisagara ca Nice, abantu 86 bahasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG