Uko wahagera

Fethullah Gulen Ashobora Kurungikwa n'Amerika muri Turukiya


Umunyedini yamuka muri Turukiya Fethullah Gulen, mu rugo iwe i Saylorsburg, Pennsylvania, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika. Itariki 26/09/2013
Umunyedini yamuka muri Turukiya Fethullah Gulen, mu rugo iwe i Saylorsburg, Pennsylvania, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika. Itariki 26/09/2013

Umushikiranganji wa Turukiya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, ashikiriza ko Perezida Donald Trump w’Amerika aheruka kwemerera mugenzi we wa Turukiya ko Amerika yihweza uko yarungika muri Turukiya umunyedini w’umuyisilamu. Uyu yagirizwa kuba yaragerageje gutembagaza ubutegetsi muri 2016.

Umushikiranganji Mevlut Cavusoglu, yabwiye televiziyo CNBC yo muri Amerika ko mu mubonano Trump na Erdogan bagiranye mu nama ya G20 iheruka kubera muri Argentina, umutegetsi w’Amerika yavuze ko Amerika yatanguye intambwe zo kurungika Fethullah Gulen hamwe n’abandi bantu muri Turukiya.

Umutama Gulen w’imyaka 77, yigeze kuba acuditse na Erdogan, aba muri reta ya Pennsylvania mu buraruko bushira ubuseruko bw'Amerika imyaka yababa 20. Ariko Washington yaranse gukurikiza ivyasabwe na Erdogan ko arungikwa mu gihugu ciwe gukurikiranwa n’ubutungane ku vyaha yagirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG