Uko wahagera

Amerika Yugaye Ivy'Agateganyo Urubibe na Mexike


Abacungera imbibe bahagaze ku rwinjiriro, inyuma y'aho hugawe ivy'agateganyo urwinjiriro rw'i Tijuana, Mexico, Itariki 19/11/2018.
Abacungera imbibe bahagaze ku rwinjiriro, inyuma y'aho hugawe ivy'agateganyo urwinjiriro rw'i Tijuana, Mexico, Itariki 19/11/2018.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bugaye ivy’agateganyo rumwe mu mbibe zicamwo abantu benshi kw’isi ejo kuwa mbere kugira bashireho inzitiro hamwe n’instinga mu gihe abimukira bava muri Amerika yo hagati bamaze gushika mu gisagara ca Tijuana.

Iryo yugara ryabaye ku rwinjiriro ruri hagati y’igisagara ca Tijuana, muri Mexike na San Diego, muri reta ya California ryatumye abanya Mexike batabasha kwinjira ku butaka bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika ahari ubuzi. Vyatumye kandi ingenzi z’Abanyamerika bari batahutse mu gihugu cabo bavuye muri Mexike batoroherwa.

Izo nzitiro zikozwe ku bwoba bw’uko isinzi ry’abimukira bashobora gukoresha inguvu kugira binjire ku butaka bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Abimukira bashika 3,000 bava mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati baza barashitse mu gisagara ca Tijuana abandi ibihumbi bitezwe kuhashika muri iyi ndwi.

Perezida Donald Trump yashikirije ku musi w’Imana ko Reta zunze ubumwe z’Amerika yiteguriye ico gitero kandi ata n'umwe izokwihanganira. Yavuze ko abo bimukira badakwiye kwakirwa kuko ari bo ntandaro y’ubwicanyi n’izindi ngorane. Kubw’ivyo abasaba gusubira iyo baje bava.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG