Uko wahagera

Trump Yipfuza Kurungika Abasirikare 15.000 Gutangira Abimukira


Perezida Donald Trump muri White House.
Perezida Donald Trump muri White House.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Jim Mattis, ashikiriza ko abasirikare barungitswe ku rubibe gutangira abimukira atari ku mvo za poritike.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ashikiriza ko abasirikare bashika ibihumbi 15 bazorungikwa ku rubibe Amerika ihana na Mexike gutangira isinzi ry’abimukira bava mu bihugu vya Amerika yo hagati bipfuza kwinjira muri Amerika.

Trump yabise "Umurwi w’abantu babi," mu gihe imbere y’aho yari yarabise "inyererezi n’abicanyi."

Mu gihe horungikwa ivyo bihumbi 15 bokwiyongera ku bandi 2.100 basanzwe bari ku rubibe. Abategetsi b’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwabwiye Ijwi ry’Amerika ko abandi basirikare bashika 2000 bazoguma bari magabo kuzorungikwa kuri urwo rubibe gufasha mu gihe vyoba ngombwa.

Boba ari abasirikare barungitswe ku rubibe rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika rwo mu bumanuko baruta abasirikare b’Amerika bariko bararwanya imihari y’iterabwoba muri Iraki na Siriya.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Jim Mattis, yabwiye abamenyeshamakuru ko abo basirikare batarungitswe ku rubibe ku mvo za poritike gufasha abarepublikane mu matora y’abashingamateka yimirije.

Mwomenya ko abo bimukira bakiri muri Mexike, bageze ku birometero birenga 1,600 imbere yo gushika ku rubibe na Reta zunze ubumwe z’Amerika. Bizofata indwi zitari nke kugira bashikire ku rubibe Amerika ihana na Mexike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG