Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umushikiranganji wo kwivuna abansi Jim Mattis hamwe n’uw’umutekano mu gihugu Kirstjen Nielsen ejo ku wa gatatu baragendeye urubibe rwo mu bumanuko, aharungitswe ibihumbi vy’abasirikare gufasha abasanzwe bacungera imbibe.
Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru ariko yerekeza mu gisagara ca McAllen, muri reta ya Texas, Mattis yavuze ko umutekano w’urubibe ari kimwe mu mutekano w’igihugu.
Perezida Donald Trump yasavye ko umutekano ku rubibe wokwongerezwa kugira bazibire isinzi ry’abimukira bava muri Amerika yo hagati baje kurondera ubuhungiro muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Yashikirije akatari gake ko ari ikibazo gihanze umutekano.
Abasirikare barenga 5,600 basanzwe ku mirimo bagiye kwifatanya n’abandi 2,100 baseruka mu gihe hari ibibazo vy’umutekano mu gihugu bari ku rubibe Amerika ihana na Mexike bitavye akamo katewe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu.
Mu gihe abashikiranganji Mattis na Nielsen bariko bagendera Texas, abimukira baharurwa mu majana berekeza ku rubibe rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bari bashitse mu gisagara ca Tijuana, muri Mexike. Mu gihe umurwi munini ukiri ku birometero 1,800 ngo ushike ku rubibe.
Facebook Forum