Uko wahagera

HCR: Abasaba Ubuhungiro Baremerewe Kwinjira muri Amerika


Abimukira bari aho baruhukiye i Ciudad Hidalgo, Mexike, itariki 20/10/2018.
Abimukira bari aho baruhukiye i Ciudad Hidalgo, Mexike, itariki 20/10/2018.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR cashikirije ko ubutungane bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika ataco buriko burafasha ku kibazo c'abimukira bava muri Amerika yo hagati berekeza muri Amerika.

Kubwa HCR, abantu bahunga ubwicanyi no gutotezwa mu bihugu vyabo barafise uburengenzira bwo gukingirwa n’amakungu.

HCR ivuga ko kureka abimukira ibihumbi bava muri Honduras bagashika ku rubibe rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bitazoba vyoroshe. Ariko umuvugizi wa HCR, Charlie Yaxlie avuga ko kwugara urubibe atari inyishu kandi bizobangamira kurusha abahunga ubwicanyi mu bihugu vyabo.

Yaxlie avuga kandi ko HCR ibandanya ikorana na Reta zunze ubumwe z’Amerika kugira babona ko vy’ukuri ivyo ico gihugu gikora vyisunga amategeko mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG