Uko wahagera

Ibihugu Biha Umuhora Abimukira Binjira muri Amerika Vyagabishijwe


Abimukira baturuka muri Honduras mu rugendo bagana ku mupaka wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, itariki 16/10/2018
Abimukira baturuka muri Honduras mu rugendo bagana ku mupaka wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, itariki 16/10/2018

Ibihumbi vy’abantu muri Amerika yo hagati bariko barabandanya urugendo berekeza muri Reta zunze ubumwe z’Amerika naho perezida Donald Trump yavuze ku musi wa kabiri ko Amerika yagabishije perezida Juan Orlando Hernandez ko mu gihe atohagarika abo bantu akabasubiza muri Honduras, ata mahera canke imfashanyo iyo ariyo yose ico gihugu kizosubira kuronswa n'Amerika.

Trump yagabishije kandi n’ibihugu vya Guatemala na El Salvador.

Guhagarika abimukira binjira ku bwinshi ni kimwe mu vyo Donald Trump yemereye abanyagihugu mu myiyamamazo mu matora yo muri 2016. Abo bimukira bavuga ko bahunga ubukene hamwe n’ubwicanyi buri mu bihugu vyabo.

Bariko bagerageza kurengana igihugu ca Guatemala imbere yo kwinjira muri Mexiko aho abafise ibisabwa n’amategeko ari bo bazokwemererwa kwinjira muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG