Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, ariko agabisha kurungika abasirikare mu ntumbero y’ukwugara urubibe n’igihugu ca Mexique. Yagabishije gufata iyo ngingo hamwe Mexique itohagarika abimukira isinzi bavuye mu karere ko muri Amerika yo hagati bariko batera bagana ubutaka bwa Amerika.
Mu butumwa yashize ku rubuga Twitter mu gitondo c’uno musi wa kane, Perezida Trump yagirije abademokrate ko bariko bageramira igihugu mu kurekurira abimukira kwinjira. Trump yise bamwe muri abo bimukira abagizi ba nabi.
Perezida Trump yagabishije guhagarika imfashanyo zose Amerika iha ibihugu vyo muri Amerika yo hagati hamwe Mexique, itohagarika kurekurira abimukira guca ku butaka bwayo mu gihe baba bariko bagana Amerika.
Perezida Trump yagize ukugabanya ibitigiri vy’abimukira baza muri Amerika n’ukwubaka uruhome ku rubibe na Mexique inkingi z’imigambi yiwe yerekeye abimukira.
Ivyatangajwe na Perezida Trump bije imisi mikeyi inyuma y’uko abimukira ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu gihugu ca Honduras, baciye ku butaka bw’igihugu ca Guatemala, batera baja muri Mexique mu kigoro k’ukwinjira ku butaka bwa Amerika. Bahunga ubukene n’ubwicanyi mu gihugu cabo.
Bitegekanijwe ko umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Amerika, Mike Pompeo, aja uno musi ku wa kane mu gihugu ca Panama, hanyuma aje ku murwa mukuru wa Mexique, aho azobonana ejo ku musi wa gatanu na prezida w’ico gihugu, Enrique Pena Nieto.
Ntaco abategetsi ba Mexique batangaje buno nyene ku butumwa Prezida Trump yashize ku rubuga Twitter ku bijanye n’abimukira bavuye muri Amerika yo hagati
Facebook Forum