Uko wahagera

USA: Trump Aragabisha Kwugara Urubibe na Mexique


Abo ni abimukira baturutse mu gihugu ca Honduras
Abo ni abimukira baturutse mu gihugu ca Honduras

Perezida Donald Trump aragabisha kurungika abasirikare kwugara urubibe rwo mu bumanuko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni mu gihe igihugu ca Mexique kitofata ingingo yo guhagarika abimukira bariko bava muri Amerika yo hagati. Abo bimukira bashaka kwinjira muri Mexique bajabutse urubibe gihana n’igihugu ca Guatemala.

Umurongo w’imodoka n’abantu isinzi bashika 3000, zavuye mu gisagara ca San Pedro Sula mu gihugu ca Honduras mu mpera z’indwi iheze zica mu mashamba yo mu gihugu ca Guatemala hamwe no mu mabarabara agana igihugu ca Mexique, kugira ngo ziruhukire muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Perezida Trump avuga ko muri abo bimukira harimwo inkozi z’ikibi, ari naco gituma aratera akamo Mexique kagisaba kubahagarika. Sekreteri wa deparitoma ya reta ya Amerika, Mike Pompeo, ari mu gihugu ca Mexique mu nama itegekanijwe uyu musi ku wa gatanu. Araba ari kumwe na Perezida Enrique Pena Nieto, agiye kurangiza ikiringo ciwe.

Ejo ku musi wa kane, ighugu ca Mexique cararungitse abasirikare amajana n’amajana ku rubibe gihana na Gwatemala.

Abategesi bo muri Mexique bavuga ko batazoreka abo bimukira ngo barengane

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG