Umurwi ujejwe amatora muri Kameruni uvuga ko wakiriye inzandiko 25 zatanzwe n’abakandida hamwe n’abitavye ayo matora basaba ko amatora yo kw’igenekerezo ry’indwi ukwezi kw’icumi ahanagurwa.
Bavuga ko ayo matora yabayemwo ubusuma kandi ahengamiye kuri Perezida Paul Biya wo mu mugambwe People's Democratic Movement uri ku butegetsi.
Umushikiranganji wa Kameruni ajejwe abakozi, Gregoire Owona, avuga ko uko ari ugusamaza abanyagihugu.
Umurwi ujejwe amatora muri Kameruni warahakanye ko ata busuma bwabaye mu matora.
Uwo murwi ufise gushika mu mpera z’iyi ndwi uzobe wishuye kuri ivyo birego. Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro isabwa gushikiriza ingingo yafashe kuri ivyo birego imbere yo gutangaza ibiharuro vya nyuma kw’igenekerezo rya 22 z’ukwezi kw’icumi.
Facebook Forum