Uko wahagera

USA: Sekreteri wa Reta Pompeo Yabonanye na Kim Jong Un


Indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un abonana na Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Mike Pompeo, itariki 9/05/2018

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Mike Pompeo hamwe n’indongozi ya Koreya ya Ruguru Kim Jong Un baremeranije gutunganya uwundi mubonano ugira kabiri hagati y’ivyo bihugu bibiri mu maguru masha.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire w’Amerika, Heather Nauert, yavuze ejo ku w’Imana ko Pompeo na Kim bemeranije gutegeka intumwa zabo kubonana vuba mu biganiro vyo kurabira hamwe ibibazo bitaratorerwa inyishu.

Iri tangazo ryo ku w’Imana ryashikirijwe gato Pompeo ashitse i Seoul muri Koreya y’Epfo, inyuma y’urugendo rugira kane muri Koreya ya ruguru.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG