Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Isaba Ibindi Biganiro na Amerika


Perezida Donald Trump Aramukanya na Perezida wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un
Perezida Donald Trump Aramukanya na Perezida wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un

Umutegetsi wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un yararungitse urwete rusaba umubonano ugira kabiri na perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump, ivyo vyashikirijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu White House kuri uyu wa mbere.

Reta ya Trump iheruka gutangaza ko hari intambwe zatewe mu migenderanire hagati ya Amerika na Koreya ya ruguru, kuva Trump ahuye na Kim muri Singapore mu kwezi kwa gatandatu.

Ku binyuranye n’ibivugwa n’ibiro vya White House, benshi mu babikurikiranira hafi bavuga ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu idashemeye. Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Mike Pompeo yarahagaritse urugendo yagomba kugira i Pyongyang mu kwezi guheze inyuma y’aho ibiganiro bihagarariye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG