Uko wahagera

Amerika Ntiremera ko Umutekano Wagarutse mu Burundi


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zongereje ikiringo c’umwaka umwe itegeko rya perezida wa Amerika, rishira igihugu mu rwego rw’ibihugu biri mu bihe bigoye yisunze ikibazo c’Uburundi .

Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, zivuga kw’ivyo vyatewe n’umutekano muke mu Burundi, waranzwe n’ ubwicanyi hamwe n’ayandi mabi arimwo ihohoterwa rifatiye ku mvo za politike.

Uyo mutekano muke hamwe n’ubwo bundi bugizi bwa nabi vyarabangamiye amahoro n’ umutekano mu Burundi hamwe no mu karere buherereyemwo.

Mw’itegeko rya perezida ryo kur’uyu wa mbere itariki ya 6 y’ukwezi kwa cumi na rimwe, Amerika ivuga kw’ ukuntu ibintu vyifashe mu Burundi mur’iki gihe, bibangamiye umutekano w’igihugu hamwe na politike mpuzamakungu ya Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Kubw’iyo mvo, ingingo Amerika yafashe yo kwama igavye yatanguye kuja mu ngiro mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka w’2015 mu ntumbero yo guhangana n’ibibazo vy’umutekano muke mu Burundi, bigiye kugumizwaho inyuma y’itariki ya 22 y’ukwezi kwa cumi na kumwe, 2017 mu kindi kiringo c’umwaka umwe.

Perezida wa Amerika arangiza avuga kw’ iri tegeko rya Perezida rigiye gutangazwa mu gitabo c’Ububiko bw’igihugu kandi ryarungikiwe Kongere y’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG