Uko wahagera

Amerika Isaba Uburundi Gushyira Imbere Amahoro


Reta zunzubumwe z’Amerika isaba Uburundi gushira mungiro ingingo zose bwiyemeje kugira amahoro agaruke mu gihugu.

Mw’itangazo ihejeje gusohora mu kanya, reta y'Amerika imenyesha ko ishimishwa nuko hari ibimenyetso vyuko akarere n’amakungu vyihaye iyambere mu gutorera umuti uruhagarara ruri mu Burundi. Akarorero n’igenwa ry’uwahoze arongoye Tanzaniya Benjamin Mkapa ngo afasha abarundi mu biganiro. Ikindi n’ivyo reta y’Uburundi iheruka kwemerera ONU hamwe n’ubumwe bwa Afurika ko igiye kurekura imbohe za politike no kwemera umuzo w’abagenduzi bigenga.

Amerika imenyesha ko yanezerejwe nuko intumwa zo ku rwego rwo hejuru zigizwe n’abakuru b’ibihugu ziheruka kugondoza reta y’Uburundi iremera irungikwa ry’abarorererezi 200 b’agateka kazina muntu hamwe n’aba gisirikare. Amerika isaba reta y’Uburundi kwemera iryo rungikwa ry’abo bagenduzi no kubareka bakazokora mu mwidegemvyo, mugusinya amasezerano abagenga mu maguru masha kugira babone kuza vyihuta.

Reta y’Uburundi isaba gukuraho ibihano yafatiye ibinyamakuru no gushiraho icuka ciza aho abanyagihugu baserura ivyiyumviro vyabo hamwe no gukuraho ibihano vyafatiwe abanya politike ndetse no kubohora abatavugarumwe na reta. Yiteze ko umuryango wa Afurika y’Ubuseruko ugiye gutangaza iyindi taliki y’ibiganiro bihuza bose, haba ibizobera mu gihugu no hanze y’iguhugu.

XS
SM
MD
LG