Uko wahagera

USA Yagiriza Leta y’Uburundi Kuvuga Indimi Zibiri


Tom Malinowski, Icegera c'umunyambanga wa Leta zunze ubumwe z'Amerika ajejewe agateka ka zina muntu, demokarasi n'akazi
Tom Malinowski, Icegera c'umunyambanga wa Leta zunze ubumwe z'Amerika ajejewe agateka ka zina muntu, demokarasi n'akazi

Icegera c'umunyambanga wa Leta zunze ubumwe z'Amerika ajejewe agateka ka zina muntu, demokarasi n'akazi Tom Malinowski asaba leta y'Uburundi kureka gukwega amaguru mu biganiro biyihuza n'abayigwanya bihagarariwe n'akarere.

Bwana Malinowski ahanura kandi abategetsi b'abarundi kureka gushikiriza imvugo z'urwanko zifatira mu gahanga ibihugu bimwe bimwe, ishengero rya katolika n'abandi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru I Bujumbura, inyuma y'imisi ibiri yarahamaze yavuze ko ibijanye n'agateka ka zina muntu vyayangaye.

Iyo ntumwa ya Amerika ivuga ko abahinga mvamakungu bakenewe cane muriki gihe kugira batohoze kuvyabaye n'ibiriko biraba mu Burundi maze isi yose imenye ukuri.

Malinowski yagiriza leta y’Uburundi ko ivuga indimi zibiri. "Ntushobora kubwira ikintu amakungu mu nyuma ukabwira igihushane abarundi. Rero ntibashobora kutubwira ngo barashigikiye ibiganiro bidakumira hanyuma mu matangazo y’umugambwe uri ku butegetsi bakavuga ko amakungu afadikanije na katolika ,ibinyamakuru, amashirahamwe yigenga kugira batembagaze ubutegetsi. Ntushobora kuvuga ko abantu bose bakugwanya, ibi ntibikora kandi ntibishikana ku biganiro bivyara ikintu kizima. Ivyo bavuga naho bobishikiriza mu kirundi turuhira kubimenya."

Malinowski yavuze ko amakungu atifuza ko hosubira kuba amahano mu Burundi nk’ayabaye muri kahise kuko bishobora kugira ingaruka mbi ku karere kose. Nayo Leta y’Uburundi ngo ntiyari ikwiye gukwega amaguru mu biganiro biyihuza n’abatavuga rumwe nayo bigarikiwe n’akarere ka EAC kuko ingorane zose ziyigarukako.

"Rimwe na rimwe leta yibaza ko iriko iratesha umwanya amakungu. Ariko vy’ukuri n’iyiriko iratakaza umwanay wayo. Ehe ubumwe bwa bulaya bwayimye amafaranga ikoresha naya AMISOM ; ubutunzi busubira inyuma ku musi ku musi, amatagisi n’amakori nuko nyene."

Malinowski yavuze "Mbega leta izobandanya ikora gute, izohemba abajejwe umutekano gute. Ibi n’ibibazo atari imikino leta itegerezwa guhangana navyo. Namba leta yibaza ko ihagaze neza nk’uko hari ababivuga n’ukwihenda. Kandi ibihano bisugereza leta ngo yemere ibiganiro bidakumira bigiye kwiyongera."

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:59 0:00

Abajijwe ku bijanye n’ibinogo vyahambwemwo abantu beshi aho leta n’abayigwanya bagirizanya k’umwe ariwe yabikoze, Tom Malinowski yavuze ko abahinga mvamakungu aribo bazoca urubanza.

"Niba leta yizera ko ibinogo bihambwemwo abantu benshi vyimbwe n’abayigwanya, ni kuki none itevya umuzo w’abahinga mvamakungu bigenga. Niba leta vy’ukuri izi ko yera ikwiye kureka abo bahinga bakaza mu gihugu. Leta niyaba ivuga ukuri bazobwira isi yose ko ata ruhara yagize."

Mu rugendo rwiwe ,Tom Malinowski yarabonanye n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’yandi makungu, abarongoye umugwi w’ibiganiro hagati y’abarundi CNDI, abaserukira ibista vya ONU n’ubumwe bwa Afrika n’abandi. Ribaye irya kabiri mu kiringo c’umwaka agendera Uburundi.

Iyo ntumwa ya Amerika yasezeranye ko igihugu ciwe kizobandanya gifasha abarundi mu bisata vy’indero n’amagara y’abantu na cane cane ko abenshi mu babikoramwo bahunze igihugu.

Mugabo yamenyesheje ko abategetsi b’Abarundi bakwiye gutahura ko aribo bategerezwa gutorera umuti ibibazo vy’abanyagihugu imbere y’uko amakungu abafasha.

XS
SM
MD
LG