Uko wahagera

Amatora Muri Liberiya Yabaye Arahagarikwa


Sentare nkuru y’igihugu muri Liberiya kur’uyu wa mbere yarafashe ingingo yo guhagarika amatora y’umukuru w’igihugu yar’ategekanijwe kur’uyu wa kabiri.

Iyo sentare yaciye kandi isaba umurwi ujejwe kuyatunganya kwiga ku birego vyashikirijwe n’umukandida Charles Brumskine yatahukanye ikibanza ca gatatu mu matora ya mbere.

Imiriyoni zirenga zibiri z’abari biyandikishije gutora kw'itariki 7 y'ukwezi kwa cumi na kumwe kugira bahitemwo hagati ya Georges Weah na Joseph Boakai icegera c’umukuru w’igihugu basabwa kwihangana.

Iyo ngingo ya sentare yar’irindiriwe, itumye haba amakenga kw’ibisikanya ku butegetsi biciye muri demokarasi mur’ico gihugu co muri Afrika y’uburengero kiri mu vya mbere bikenye cane kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG