Uko wahagera

Weah na Boakai Nibo Bazohiganwa mu Gice ca Kabiri c'Amatora


Icegera c'umukuru w'igihugu Joseph Boakai ( Ibubamfu), na Goerges Weah (Iburyo), abakandida babiri mu gice ca kabiri c'amatora muri Liberiya.
Icegera c'umukuru w'igihugu Joseph Boakai ( Ibubamfu), na Goerges Weah (Iburyo), abakandida babiri mu gice ca kabiri c'amatora muri Liberiya.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora muri Liberiya watangaje kur’uyu wa kane ko igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu kizoba kw’igenekerezo rya 7 y’ukwezi kwa cumi na kumwe kuza hagati ya senateri George Weah, hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu, Joseph Boakai.

George Weah mu gice ca mbere yatahukanye ikibanza ca mbere ku majwi 39 kw’ijana mu gihe Joseph Boakai, yamukurikiye ku majwi 29,1 kw’ijana, ariko bose uko ari babiri nta numwe yashoboye gushikana amajwi 50 kw’ijana ibwirizwa nshingiro risaba kugira umukandida yemererwe kuba yatsinze.

Ibikorwa vyo kwiyamamaza vyasubiye gutangura kur’uyu wa kane bikazorangira ku musi w’Imana igenekerezo rya 5 z’ukwezi kuza kwa cumi na kumwe kuza.

Uwuzotsinda mur’ico gice ca kabiri c’amatora, azosubirira perezida Ellen Johnson Sirleaf, ari ku butegetsi kuva muri 2005, ibiringo bibiri yemererwa n’amategeko bizoba birangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG