Uko wahagera

Umugambwe Uri ku Butegesi muri Liberiya Wahakanye Ivyavuye mu Matora


Icegera c'umukuru w'igihugu ca Liberiya, Joseph Boakai, hamwe na Georges Weah, yahoze ar'umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru.

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Liberiya watangaje kw’ugiye gushinga urubanza rwo guhakana ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, inyuma y’aho umunyapolitike yahiganywe ku giti c’uyo mugambwe, aronkeye ikibanza kigira kabiri.

Uyo mugambwe Unity Party urega perezida Liberiya wo mur’iki gihe, Elen Johnson Sirleaf, asanzwe ari mur’uyo mugambwe, ko yagize uruhara mu biharuro vyavuye mur’ayo matora yabaye kw’igenekerezo rya 10 ry’uku kwezi kw’icumi. Ico umurega ni uko yagize inama n’abacamanza bajejwe ayo matora imbere y’amatora.

Itangazo ryasohowe n’umugambwe uri ku butegetsi Unity Party hamwe n’iyindi migambwe ibiri ku wa Mungu, rivuga kw’ayo matora yaranzwe n’amahinyu menshi hamwe n’ubusuma bw’amajwi.

Iryo tangazo rivuga kandi kw’inama Perezida Sirleaf yagizemwo uruhara, yerekana ko yarenze ku mategeko agenga amatora, kandi ata burenganzira na bumwe yar’abifitiye.

Iyo migambwe yavuze kw’izoja mu matora y’incuro igira kabiri ategekanijwe kw’igenekerezo ry’indwi ry’ukwezi kwa 11, yamara ngo irizeye ko sentare izoba imaze guca urubanza

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG