Uko wahagera

CNC: Iradiyo Itemeye Amakosa Hagati ya VOA na BBC Ishobora Kugumizwa mu Bihano


Ibimenyesto vya BBC na VOA
Ibimenyesto vya BBC na VOA

Urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, CNC, rwatangaje kuri uno wa kane ko rukiriko ruratunganya amasezerano mashasha, rwongera rugenzura uko ayo ma radiyo yigenjeje mu kiringo yari yarahawe c'ibihano imbere y’uko abivanwamwo.

Mu kiganiro umukuru wa CNC, Nestor Bankumukunzi, yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’inama idasanzwe y’abagize urwo rwego yavuze ko hakwihutagiza kwugurura ayo maradiyo bashimye kwiha akanya mu ntumbero y'uko ziramutse zitezurirwa zikora ata zindi nzitizi.

Iyindi mvo CNC yatanze mu cadindije gusubiza VOA na BBC kuri FM ni uko muri ayo maradiyo mpuzamakungu abiri harimwo imwe itemeye amakosa yayo ivyo bigashobora mbere no gutuma igumizwa mu bihano.

Bankumukunzi yongeye asigura ko imwe muri ayo maradiyo yagumye ikoresha umemenyeshamakuru w’Umurundi akurikiranwa n’ubutungane. Mu majambo yiwe yagize ati: "murumva ivyo ko atari ugupfa kwugurura, tuzorinda kuvugana twumve ko bashobora kumuhagarika canke bagira bati hako tumuhagarika twemeye kuguma twugaye.”

Ntaco ubuyobozi bw' Ijwi ry'Amerika buravuga ku vyipfuzo vya CNC.

VOA na BBC zahagarikiwe imirongo ya FM ku gataka k’Uburundi kw'igenekerezo ry'indwi ukwezi kwa gatanu uno mwaka mu kiringo c'amezi atandatu. Ico kiringo caheze itariki indwi za kuno kwezi kwa cumi na rimwe.

CNC igifata iyo ngingo yasiguye ko BBC yahanywe kuko yagabishijwe ku makosa ajanye n’umwuga yoba yarakoze ariko ntiyihanura, Ijwi ry’Amerika naryo rihanwa ryagirizwa kuba ryoba ryacishije ibiganiro vyaryo ku rubuga rwa Radiyo Bonesha FM yugawe mu 2015, kuba ryarashatse gutosekaza imigenderanire y’Uburundi na ONU mu nkuru ryatangaje, no kuba yarahaye akazi umumenyeshamakuru yoba aronderwa n’ubutungane.

Ibindi kuri ino nkuru n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura Raymond Nzimana.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:51 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG