Uko wahagera

FM za VOA na BBC Ntizahavuye Zugururwa mu Burundi


Ibimenyetso vya Radiyo Ijwi ry'Amerika na BBC
Ibimenyetso vya Radiyo Ijwi ry'Amerika na BBC

Kuri uno wa gatatu amezi atandatu y’ibihano vyo kugarirwa imirongo ya FM mu Burundi radiyo Ijwi ry’Amerika na BBC vyari vyafatiwe n’urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi niho yahera.

Naho ico kiringo cari catangajwe ingingo igifatwa mu kwezi kwa gatanu uno mwaka caheze, imirongo y’ayo maradiyo mpuzamakungu ntiyuguruwe.

Urwego CNC nta nsinguro rwatanze y’icatumye iyo mirongo itugururwa nkuko vyari vyatangajwe. CNC yasiguriye Ijwi ry’Amerika ko izi isango yari yaratanze ariko igikurikira kizotangarizwa mu kiganiro kiriko kirategurwa.

Abanyamategeko bavuganye n’Ijwi ry’Amerika ntibashime ko bamenyekana basiguye ko mu gihe ata rindi kosa CNC yoba yagiriza ayo maradiyo, isango ryo kuvanwa mu bihano rigeze yabwirizwa guca atezurirwa.

CNC ifata iyi ngingo yasiguye ko BBC yahanywe kuko yagabishijwe ku makosa ajanye n’umwuga yoba yarakoze ariko ntiyihanura, Ijwi ry’Amerika naryo rihanwa ryagirizwa kuba ryoba ryacishije ibiganiro vyaryo ku rubuga rwa Radiyo Bonesha FM yugawe mu 2015, kuba ryarashatse gutosekaza imigenderanire y’Uburundi na ONU mu nkuru ryatangaje, no kuba yarahaye akazi umumenyeshamakuru yoba aronderwa n’ubutungane.

Amakuru yo kwizera Ijwi ry’Amerika rikesha isoko ryayo ryegereye CNC yemeza ko aberwa n’iki kibazo batarashobora kwumvikana nimba Ijwi ry’Amerika ryotezurirwa canke ryogumizwa mu bihano, n’ivyosabwa kugira ritezurirwe ari hamwe ivyo bihano vyovanwaho.

Ibindi kuri ino nkuru n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura Raymond Nzimana

Radiyo VOA na BBC Zizosubira Kuri FM Ryari?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:07 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG