Uko wahagera

Burundi: Ikiyaga Tanganyika Kirashobora Kuduga ku Rugero Rutari Ruherutse mu Myaka 100 Irenga


Burundi: Ikiyaga Tanganyika Kirashobora Kuduga ku Rugero Rutari Ruherutse mu Myaka 100 Irenga
please wait

No media source currently available

0:00 0:12:34 0:00

Ikiyaga Tanganyika kirashobora kuduga ku rugero rutari ruherutse kubonwa mu myaka 100 irenga. Ni mu gihe ikigo c'igihugu kijejwe kugendereza ibirere kivuga ko hitezwe imvura nyinshi muri uyu mwaka mu Burundi. Umuhinga akaba n'umwarimu wa kaminuza Bernard Sindayihebura amaze imyaka afata ibipimo n'urugero vy'amazi ya Tanganyika. Yemeza ko ata gikozwe mu maguru masha ikivuko ca Bujumbura, ahakorera igisirikare kirinda umutekano wo mu kiyaga n'ibindi bice vyinshi bishobora kumirwa. Ahamagarira abategetsi gufata ingingo zo kwikingira no kwegera abafasha Uburundi mu maguru masha kugira hashirwe mu ngiro ibikorwa vyo kwirinda ingorane zokwaduka. Mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika, yemeza ko amazu amajana amaze gusidagurika mu bumanuko bwa Bujumbura , abanyagihugu barimuka . Avuga ko n'iyindi miryango indiri izobwirizwa kwimurwa mu duce dutandukanye. Agace kabangamiwe kurusha ahandi kava i Kabonga mu ntara ya Makamba ugana ku rugabano rwa Tanzaniya n'Uburundi kakagera mu Gatumba mu ntara ya Bujumbura mu burengero hafi ya Kongo aho abantu ibihumbi bimuwe n'imyuzurira umwaka uheze.

Forum

XS
SM
MD
LG