Uko wahagera

Uburundi Bwategetse ko Ababangamiwe n'Imyuzure mu Gatumba Bimuka Bitarenze Indwi 2


Bimwe mu bibanza vyabangamiwe n'imyuzure i Bujumbura
Bimwe mu bibanza vyabangamiwe n'imyuzure i Bujumbura

Uburundi bwategetse ko abantu bose bo mu Gatumba mu ntara ya Bujumbura baba mu bibanza bibangamirwa n’imyuzure y’amazi babwirizwa kwimurwa bitarenze indwi zibiri.

Ababwirizwa kwimuka barimwo abo mu bice bimwe bimwe vya Gatumba, aho Imiryango irenga 200 yomowe n'imyuzure yo muri ino ndwi.

Ubutegetsi bw’umurwa mukuru w’ubutunzi, Bujumbura, n’abwo bwafashe ingingo yo kwagura inzuzi nka Kanyosha inyuma y'imisi ibiri imyuzure yatewe n'imvura nyinshi ihitanye abantu 3, batanu ntawuramenya irengero ryabo, ibomora amazu arenga 300 muri karitiye ya Kibenga no mu gatumba.

Amwe mu mazu yarengewe n'imyuzure.
Amwe mu mazu yarengewe n'imyuzure.

Aho mu Gatumba, ku rubibe Uburundi buhana na Kongo amarira yari yose. Uruzi Rusizi rwisuka mu Kiyaga ca Tanganyika rwaruzuye kubera imvura yaguye muri Kongo hamwe no mu Rwanda, bigahurirana n’amazi yavuye mu nzuzi nka Muha na Ntahangwa zica mu gisagara ca Bujumbura.

Amazi ya Rusizi yisutse mu mazu cane cane aho bita, mu Kigaramango, ku Mushasha, kuri Poto ya 27 n’ahandi. Amazu menshi yarabomotse, abantu 2 barahasiga ubuzima, abandi 5 baraburirwa irengero harimwo abana nk’uko abajejwe intwaro n’abanyagihugu aho mu Gatumba babivuga. Ubu abenshi begeranirijwe ahitwa kuri Poto ya 27.

Abajejwe intwaro bavuga ko amazu arenga 300 ari yo amaze guharurwa ko yabomotse mu Gatumba no mu gisagara ca Bujumbura muri Kartiye ya Kibenga.

Aho hose abasigaye mu kangaratete bafise ubwoba ko ingwara zituruka kw’isuku rike zibafata, bagatakambira ishirahamwe Croix Rouge kubaronsa amazi meza yo kunywa, no kubakirwa amazu.

Buramatari w’intara ya Bujumbura Rural, Désiré Nsengiyumva, yagendeye abahuye n’izo ngorane mu Gatumba, amenyesha ko abazokwimurwa basanzwe bafise amazu yabwo bwite bazokubakirwa ayandi.

Mwijoro rishira uwa gatatu kandi, mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura imvura nyinshi yatumye inzuzi Kanyosha, Muha na Ntahangwa zica hagati mu gisagara zuzura.

Yamara Kanyosha ni rwo rwataye inzira maze amazi yirara mu mazu cane cane ayegereye ikiyaga ca Tanganyika muri karitiye ya Kibenga, mu bumanuko bw’igisagara, kuva mu mutwenzi wo kuri uyu wa gatatu. Abantu batari bake ntibagira aho bakika umusaya. Abaganiriye n’Ijwi rya Amerika kuri uyu wa kane baratakamba.

Imodoka yarengewe n'imyuzure i Bujumbura
Imodoka yarengewe n'imyuzure i Bujumbura

Umuyobozi w’igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana, yagendeye abanyagihugu mu Kibenga kuri uyu wa kane, yafashe ingingo ko uruzi Kanyosha rugiye kwagurwa kugira amazi ntasubire kwiha inkumbi. Ni irya mbere iyo ngingo ifatwa.

Igice ca Gatumba ndetse n’amakaritiye yegereye ikiyaga ca Tanganyika, ntasiba kurengerwa n’amazi y’ico kiyaga. Ndetse hari n’amazu yahebwe kubera beneyo badashobora kuyabamwo.

Umuhinga mu vyerekeye ibidukikije akaba n’umwigisha muri za Kaminuza, Bernard Sindayihebura ahamagarira reta kwubaka ico yita urubumbiro rutegera amazi ya Tanganyika na Rusizi.

Raporo y’ikigo c’igihugu co gukinga impanuka ziterwa n’ibiza yerekana ko imyuzure ituruka ku kiyaga ca Tanganyika n’uruzi Rusizi imaze guhitana abantu benshi, abarenga ibihumbi 100 barataye izabo mu myaka 5 iheze.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Abahinga Baragabisha ku Kibazo c'Imyuzure mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:04 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG