Uko wahagera

Burundi: Abatavuga Rumwe na Reta Babonanye n’Umuhuza


Perezida Benjamin Mkapa
Perezida Benjamin Mkapa

Intumwa z’abatavuga rumwe na reta y’Uburundi zabonanye n’umuhuza ziri mu mirwi ibiri: Abahunze igihugu bagwiriyemwo abo mu runani CENARED, n’abavuye mu Burundi, baturuka mu migambwe Uprona na Frodebu.

Dr Jean Minani, aramutswa urunani Cenared akaba ari we arongoye intumwa zose uko ari indwi, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko mu vyo baganiriye n’umuhuza Benjamin Mkapa, harimwo gusuzuma aho ibiganiro bihuza Abarundi bigeze.

Ikibazo c'iterabwoba ryoba ryarakoreshejwe mu guhamagarira Abarundi kwiyandikisha kugira bazoshobore gutora "Ego" Canke "Oya", mu matora ya kamarampaka yimirije n'amatora yo muri 2020, izo ntumwa zemeza ko na co nyene bakiyaze n'umuhuza.

Bamwe mu batavugarumwe na Reta babonanye n’Umuhuza
Bamwe mu batavugarumwe na Reta babonanye n’Umuhuza

Izo ntumwa zasavye umuhuza kongera gutanguza ibiganiro, gutyo ibibazo nkora mutima vyugarije Uburundi bikavanwa mu nzira biciye mu masezerano yunvikanyweko n'impande zose.

Ibiro vy’umuhuza mu matati y’Abarundi ntaco biravuga kuri uyo mubonano. Ariko amakuru dukura mubawurimwo kuva ejo ku wa mbere, yemeza ko Mkapa yakiriye ivyifuzo vyose n'amakenga yashikirijwe.

Mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko izotangura kuri uno wa gatatu, Entebe muri Uganda, bitegekanijwe ko umuhuza Benjamin Mkapa atanga icegeranyo c’aho agejeje ibikorwa vyo guhuza Abarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG