Uko wahagera

Umuhuza Mkapa Arasaba Inama Idasanzwe y'Akarere k'Uburundi


Umuhuza Benjamin Mkapa
Umuhuza Benjamin Mkapa

Ibiganiro vyari bimaze iminsi inne bihuza abanyepolitike b’Abarundi vyarangiye I Arusha muri Tanzania.

Umuhuza mumatati y’Abarundi Benjamin Mkapa yavuze ingingo icumi nyamukuru z’ivyavuye murivyo biganiro.

Harimwo ko hakwiye kubahirizwa amasezerano y’I arusha n’ibwirizwa nshingiro, guhagarika ubwicanyi, kubahiriza agateka ka zinama muntu no kugarukana icuka ciza ca politike.

Yaba Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD canke abatavugarumwe n’ubutegetsi bo mu runani CNARED bose barashima

Umuhuza arashima ingene abanyepolitike baganiriye bahuza mu minsi bari bamaze mu biganiro I Arusha muri Tanzania.

Mu gusozera ivyo biganiro, Benjamin Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzania, yavuze ingingo zikomeye zashitsweko. Harimwo guhagarika ubwicanyi no kubahiriza agateka ka zina muntu.

Naho biruko, Mkapa avuga ko hariho intambamyi zikomeye kugira ibiganiro bitange umuti urama, yamenyesheje ko agiye gusaba ko haba inama yihuta y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira bamufashe kuzikura munzira.

Naho muhuza atashatse kuvuga izo ntambamyi, abahoze batwara igihugu c’uburundi babwiye Ijwi ry’Amerika ko harimwo kugondoza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akitaba ibiganiro.

Umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD urashima ivyavuye mubiganiro.

Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukruru w’uwo mugambwe avuga ko yashoboye kubwira abanyepolitike bahunze uko igihugu cifashe.

Urunani CNARED rutavuga rumwe na reta rurashima ko rwashoboye kuganira n’umuhuza. Urwo runani rwabwiye umuhuza ko hojaho reta mfatakibanza kugira itegure amatora yongere itahukane impunzi.

Kubwa Jean Minani iyo reta yomara imyaka itatu, igice cambere kikarongorwa n’umukuru w’igihugu ahari Petero Nkurunziza.

Abagize urunani CNARED
Abagize urunani CNARED

Umuhuza yatangaje ko yabonyeko habaye ukwumvikana ku bibazo nyamukuru bihanze uburundi bibwirizwa gutorerwa umuti.

Yavuzeko ikindi gice c’ibiganiro kizoba vuba. Yifuza ko yaba reta canke abandi bose bafise ico baterera mu mugambi w’amahoro bokwitaba akamo kiwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:55 0:00

XS
SM
MD
LG