Uko wahagera

Uburyo bwo Gutuma Ibifungurwa Bizimbuka


Mu gihe ibiciro vy’ibifungurwa bitera vyiyongera, abajejwe imigambi ya Reta mu karere ka Afrika bariko bariyumvira uburyo bwo mu kiringo co hafi, no mu gihe kiri imbere ku vyerekeye gutuma abantu basanzwe bashobora kugura ibifungurwa. Muri izo ngingo, harimwo gufasha abagura n’abarimyi kugira bongereze umwibu.

Amareta y’ibihugu vyo muri Afrika ariko araremerwa n’abagura kugira bafate ingingo muri iki gihe.Amwe mu mareta y’ibihugu nka Nigeria ariko akora kugira atume abantu bagura ibifungurwa mu kugabanya ibiciro. Ayandi mareta y’ibihugu nka Cameroun ariko yongereza imishahara y’abakozi ba Reta, akuraho amatagisi ku bifungurwa biguriwe hanze. Ibihugu vya Ethiopia na Misiri vyarabujije bimwe mu bifungurwa biva hanze kwinjira mu gihugu.

Abanonosoye ivyerekeye ubutunzi bafise ivyiyumviro bitandukanye kuri zimwe muri izo ngingo. Bamwe barashigikiye kugabanya ibiciro vy’ibifungurwa mu kiringo gitoyi, yamara ivyo bitegerezwa gukorwa ku buryo biba bigenewe gusa abakene, nay’ahandi n’abakire bashobora kubikuramwo inyungu.Bavuga ko gufata mu mugongo abagura bitoroha gukuraho kubera batera arivyo bazerako.Gufata mu mugongo abagura kenshi bishoboka mu gihe amafranga agenewe amagara y’abantu n’indero mu mafranga Reta ikoresha ku mwaka agabanijwe. Ubwo buryo bukaba bugeramira ukugene amasoko atunganijwe.

Benshi mu banonosoye ubutunzi baremera ko mu kiringo co hafi, abagura bo mu bisagara n’abakene baba hagati mu gihugu bakekwe gukingirwa. Barongera bakavuga ko abarimyi batobato mu karere ka Afrika bokura inyungu ku vyerekeye gukorera mu masoko yo mu ntara n’amasoko mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG