Uko wahagera

Imigambi Yerekeye Iterambere y'iki Kinyagihumbi


Mu mwaka w’200, ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryaremeje imigambi yerekeye iterambere ry’iki kinyagihumbi, bitegekanijwe ko ishikwako mu mwaka w’2015. Umwe muri iyo migambi n’ukugabanyamwo kubiri igitigiri c’abantu babayeho mu bukene butagira uko buvugwa.

Yamara mu gihe hasigaye imyaka indwi yonyene, abaharanira iyo migambi baratewe amakenga nuko umuntu yihweje ukugene infashanyo iriko ihabwa ibihugu bikenye muri iki gihe, iyo migambi y’iki kinyagihumbi ishobora kudashikwako.

Ishirahamwe rijejwe gufashanya mu vy’ubutunzi n’iterambere, O-E-C-D, riherutse kwemeza ko infashanyo y’amafranga ihabwa ibihugu bikenye kurusha ibindi yagabanutse munani n’ibice bine kw’ijana mu mwaka w’2007. Iryo shirahamwe rimenyesha ko ivyo ari ukuvuga ko infashanyo yagabanutse umwaka ugira kabiri yikwirikiranya.

Mu mwaka w’2005, aabategetsi b’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi baremeye kwongereza infashanyo incuro zibiri n’ugutanga izindi miliyardi mirongo itanu z’amadolari mu mwaka w’2010. Yamara umuntu yihweje ibiharuro biherutse gushikirizwa, abashigikiye infashanyo bavuga ko abatanga infashanyo batazoshobora gushika kuvyo biyemeje.

XS
SM
MD
LG