Uko wahagera

Imigenderanire ya Kenya na Kongo Yatosekaye


Prezida wa Kenya kumwe, William Ruto ( i Bubamfu), kumwe na mugenzi wiwe wa Kongo, Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo ( i Buryo). Ino foto yafatiwe i Kinshasa mu 2022
Prezida wa Kenya kumwe, William Ruto ( i Bubamfu), kumwe na mugenzi wiwe wa Kongo, Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo ( i Buryo). Ino foto yafatiwe i Kinshasa mu 2022

Imigenderanire yatosekaye hagati y'ibihugu vya Kenya na Republika ya demokarasi ya Kongo. Igihugu ca Congo cakuye ambasaderi waco i Nairobi congera gihamagara uwugiserukira muri Tanzaniya n'imbere ya EAC ku musi wa gatandatu.

Ivyo vyabaye inyuma yaho kuwa gatanu, uwahoze ari umukuru wa CENI muri Kongo, Corneille Nangaa atangarije ivuka ry'ihuriro rishasha ryitwa "Alliance Fleuve Congo" ririmwo abanyepolitike n'imirwi irwana. Vyabereye ku murwa mukuru wa Kenya i Nairobi.

Kuri uyu wa Mungu, Prezida wa Kenya, William Ruto, yatangaje ko yanse igisabo c'abategetsi ba Kongo co guhagarika abatavuga rumwe n'ubutegetsi bari muri Kenya harimwo abashizeho urwo runani. Prezida Ruto avuga ko ari uburenganzira bw'abantu gusomera amatangazo mu gihugu bifuza kandi ko na Kongo ari uburenganzira bwayo bwo gukura ambasaderi waco mu gihugu ciwe.

Ruto yagize ati" Ngaha duhagarika inkozi z'ikibi gusa ariko abantu basohoye amatangazo, wapi. Hari amatangazo yama yasohotse agwanya buri musi, ariko nta muntu n'umwe ndahagarika. Ivyo si demokarasi. Uko si ko Kenya imeze. Turatandukanye".

Patrick Muyaya, umuvugizi wa Reta ya Kongo kuwa gatanu mw’ijoro yavuze ko ivyatangarijwe I Nairobi bitazijana. Mu kiganiro n’itangazamakuru I Kinshasa yagize ati: “Ntushobora gushiraho ihuriro rya politike n’abagwanyi kuko abagwanyi bisigura kwica abakongomani. Mbega ntibapfuye bihagije? Ivyabaye bizogira ingaruka kuko Kenya itegerezwa kudusigurira neza. Ni gute igihugu dukorana, dufashanya mu kugerageza kugarukana amahoro mu buseruko gishobora kwakira ibikorwa vy’umugumuko. Nta nkeka ko hazoba ingaruka mu migenderanire ariko ico mwomenya ni uko Kenya ibwirizwa kwisigura”.

Zimwe muri izo ngaruka kandi, ambasaderi wa Kenya yahamagawe mu mpera z’indwi kuja kwisigura mu bushikirangaji bw’intwaro yo hagati muri Kongo kubera uwutwara ubw’imigenderanire atari hafi nk’uko Reta ya Kongo yavyemeje.

Mugabo Prezida Ruto asanga abategetsi ba Kongo bashingwa n’ubusa. Abivuga yitanzeko akarorero agira ati: “Ni abantu bangahe basohora amatangazo anyerekeye muri Kenya buri musi? Ni ko demokarasi yubatse. Kandi murabizi Kenya ifise ibinyamakuru bikomeye vyo kw’isi. Ni co rero abantu baza kurondera. Ni uburenganzira bwabo gutumako ambasaderi wabo kubera itangazo ryasohowe. Ariko jewe sinopfa gufata umuntu ngo ni uko gusa yasohoye itangazo. Uko si ko kenya imeze. Ivyo si demokarasi. Iyo si Kenya mwese muzi. Ewe turatandukanye. Ibihugu vyubahiriza demokarasi buryo butandukanye”.

Corneille Nangaa kuwa gatanu, yarasiguriye Ijwi ry'Amerika icatumye we n’abo bafatanije bashiraho iryo huriro. Fyonda hasi wumve uko yabisiguye mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Icuka Hagati ya Kongo na Kenya si Ciza
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:35 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG