Uko wahagera

RDC Yatahuye Ambasaderi wayo muri Kenya


Felix Tshisekedi ni we Prezida wa Kongo
Felix Tshisekedi ni we Prezida wa Kongo

Imigenderanire yatosekaye hagati y'ibihugu vya Kenya na Republika ya demokarasi ya Kongo. Igihugu ca Congo cakuye ambasaderi waco i Nairobi congera gihamagara uwugiserukira muri Tanzaniya n'imbere ya EAC ku musi wa gatandatu. Ivyo vyabaye inyuma yaho kuwa gatanu, uwahoze ari umukuru wa CENI muri Kongo, Corneille Nangaa atangarije ivuka ry'ihuriro rishasha ryitwa "Alliance Fleuve Congo" ririmwo abanyepolitike n'imirwi irwana. Vyabereye ku murwa mukuru wa Kenya i Nairobi.

Kuri uyu wa Mungu, Prezida wa Kenya William Ruto yatangaje ko yanse igisabo c'abategetsi ba Kongo co guhagarika abatavuga rumwe n'ubutegetsi bari muri Kenya harimwo abashizeho urwo runani. Prezida Ruto avuga ko ari uburenganzira bw'abantu gusomera amatangazo mu gihugu bifuza kandi ko na Kongo ari uburenganzira bwayo bwo gukura ambasaderi waco mu gihugu ciwe.

Ruto yagize ati "Ngaha duhagarika inkozi z'ikibi gusa ariko abantu basohoye amatangazo, wapi. Hari amatangazo yama yasohotse angwanya buri musi, ariko nta muntu n'umwe ndahagarika. Ivyo si demokarasi... uko siko Kenya imeze.....Turatandukanye."

Forum

XS
SM
MD
LG