Uko wahagera

Burundi: Ibiteramo vy'Umunyarwanda Bruce Melodie Ntibikibaye


Igice c'ifoto yateguza ibiteramo vya Bruce Melodie mu Burundi
Igice c'ifoto yateguza ibiteramo vya Bruce Melodie mu Burundi

Umuririmvyi w'umunyarwanda, Itahiwacu Bruce, azwi kw'izina rya Bruce Melodie, afungishijwe ic’amaso mu Burundi. Umwe mu begereye ubushikiranganji bw’umutekano muri ico gihugu yemereye ano makuru Ijwi ry’Amerika, avuga ko n'ibiteramo bibiri Melodie yari ategekanya gukora mu Burundi bitakibaye.

Mu butumwa bugufi umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika yarungikiye uwo yegereye ubushikiranganji bw'umutekano mu Burundi, yamwandikiye ati: “ Bruce Melodie yoba agifunzwe canke yarekuwe?”, nawe asubiza ati: “ Arafunzwe.”

Uwo mumenyeshamakuru inyuma yo guhamagara iryo soko ngo yumve ko ryomuha Ijwi ryemeza ano makuru, ariko ntafate terefone, yabandanije amubaza mu butuma bw’inyandiko niba ibiteramo vya Bruce Melodie vyari bitegekanijwe ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu I Bujumbura mu Burundi bikibaye, nawe amurungika ku rubuga rwanditseko ko ivyo biteramo bitakibaye, agira ati: “ Raba aha, Nta na kimwe azogira kuko arafunzwe.”

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi, ari nabwo bubarizwamwo umutekano w’igihugu, bwacishijje ubutumwa ku rubuga rwabwo rwa Twitter buvuga ko Bruce Melodie afungishijwe ic’amaso, ku mvo z’amatohoza afatiye ku vyaha vy’ubutekamutwe.

Ijwi ry’Amerika ryabajije isoko ryabwo ryo muri ubwo bushikiranganji aho Bruce Melodie afungiwe, ariko ryanka kwishura iki kibazo. Ico bikoze, ibimenyeshamakuru bikorera mu gisata c’imyidagaduro mu Burundi, vyatangaje ko Bruce Melodie yahatiwe ibibazo mu biro vy’inyamiramabi biri muri karitiye ya Bwiza mu kiringo c’amasaha arenga atatu.

Bruce Melodie yahagaritswe amaze kugera I Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi bw’Uburundi ku wa gatatu w'ino ndwi, ku busabe bw’umurwizatunga yitwa Toussaint, asanzwe anategura ibiteramo. Toussaint yagiriza Bruce Melodie ko amuheraniye amadorali y’Amerika 2000 (Yababa imiriyoni indwi z’amarundi), yamuhaye ategura igiteramo yari abwirijwe kuzamwo mu Burundi mw’ici ryo mu mwaka uheze, ariko Reta y’ico gihugu ikaza kugisivya. Ayandi mafaranga Toussaint yaka Bruce Melodie, ni imiriyoni 30 z’amarundi uwo murwizatunga yemeza ko yashoye mu kwitegurira Melodie aza mu Burundi.

Mu kwisigura nkuko tubikesha amasoko yacu mu Burundi, Melodie yagize ati: “ Management yanje yarahindutse! Ayo mahera avuga sinzi uko yayatanze, kugira tworoshe ibintu, turashobora kumuriha izo dorali 2000, ariko izo miriyoni 30 ntazo turiko turatanga.”

Ihagarikwa rya Bruce Melodie ryavugishije benshi bari mu mice itandukanye. Fyonda munsi wumvirize bimwe mu vyavuzwe n'abatandukanye barimwo abaririmvyi, muri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe.

Itabwa muri Yompi rya Bruce Melodie Urivugako iki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:49 0:00

Ibiteramo Bruce Melodie yari agiye gukorera mu Burundi ni bibiri, birimwo icari gitegekanijwe kuba ku wa gatanu n’ikindi co ku wa gatandatu. Ni ibiteramo vyaboneka ko vyishimiwe cane n’abakunda umuziki wiwe mu gihugu c’Uburundi, aho bagiye bamwandikira ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram bamusaba “Kutongera gusiba.”

Abamusaba kudasubira gusiba igiteramo, bagaruka ku biteramo Bruce Melodie yagiye arasivya mu Burundi. Muri vyo, harimwo ico ku Noheri yo mu 2018: Ico gihe, vyanuganuzwe ko Bruce Melodie yasibije igiteramo cari kirindiriwe na benshi bivuye ku cuka ca politike kitari ciza hagati y’u Rwanda n’Uburundi.

Mw’ici ryo mu mwaka uheze naho, Bruce Melodie kumwe n’umuririmvyi w’indirimbo z’Imana, Israel Mbonyi, Uburundi bwasibije ibiteramo vyabo vyari kuba mu kwezi kw’indwi. Ico gihe, Reta y’Uburundi yasibije ivyo biteramo ivuga ko abo banyamuziki b’Abanyarwanda ata burengazira bafise bwo kuremesha ibiteramo mu Burundi kuko “ Batabisabiye impusha.”

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c'Uburundi, bubicishije ku waburamutswa, Gervais Ndirakobuca, bwavuze ko ku mvo z’umutekano no kwirinda ikiza ca virusi ya corona “ Ata muntu Uburundi buzokwemerera kuza gucuraranga ku butaka bwabwo avuye mu Rwanda ruri muri guma mu rugo, kuko yohava abazanira ico kiza.”

Si ubwa mbere igisata c’umuziki hagati y’u Rwanda n’Ubuurndi kibayemwo udutosi: Mu 2015 inyuma yaho ubutegetsi bw'Umuhisi Pierre Nkurunziza buhatswe guhirikwa, Reta y’Ubururundi yatanze itegeko ry’uko ata muziki w’u Rwanda n’umwe wovugira ku maradiyo yakorera muri ico gihugu ico gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG