Uko wahagera

Uburundi Bwahagaritse Ibiteramo bya Israel Mbonyi na Kidumu


Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano
Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano

Abaririmvyi babiri rurangiranwa, Umunyarwanda aririmba indirimbo z'Imana Isreal Mbonyi n’Umurundi Jean Pierre Nimbona batazira Kidumu bankiwe kuja gukorera ibiteramo i Bujumbura mu Burundi.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’umutekano busigura ko batazoronswa uruhusha rwo gukora ibiteramo bitatu vyobaye hagati mu kwezi kwa munani.

Abo baririmvyi bavuga ko barenganijwe. Abandi baririmvyi bagenzi b’abo na bo babibonamwo imvo za politike.

Vyari bitegekanijwe ko ivyo biteramo bizomara iminsi itatu kuva italike 13 gushika kuri 15 z’uku kwezi kwa munani. Vyobereye hagati mu gisagara ca Bujumbura kw’ishure rya Nyakabiga no ku kibanza citiriwe ukwikukira kw’Uburundi.

Mw’itangazo ry’ubwo bushikiranganji, bwagize buti: “Umuririmvyi Israel Mbonyi yategura ibiteramo vyobereye mu Burundi, ntibizoba. Ntazoba araronswa uruhusha n’inzego z’igihugu zibifitiye ububasha."

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:36 0:00


Ubwo bushikiranganji bwerekanye n’abandi bokwitavye ivyo biteramo babuze uruhusha.

Ni nk’uwitwa Itahiwacu Bruce Melodie w’umunywarwanda, n’umukinyi atwenza akina mu gakino kitwa “Papa Sava” Uwihoreye Jean Bosco Mustafa yiyita “Ndimbati” na we nyene w’umunyarwanda.

Uwundi na we yabwiye Ijwi rya Amerika ko yankiwe kuja muri ivyo biteramo ni Jean Pierre Nimbona, batazira Kidumu, umuririmvyi w’Umurundi.

Abo baririmvyi babibonamwo akarenganyo.Ibiteramo bokwitabiriye vyateguwe n’ikigo Akeza Creation giteza imbere imico n’akaranga.

Valentin Kavakure atwara ico kigo, yatubwiye ko na we yamaze kumva ku matwi ko ivyo biteramo vyasivye, yamara ko atarabimenyeshwa mu nyandiko.

Yemeza ko yari yaramaze kuronka uruhusha rw’ababijwe bose kugira atunganye ihayanishwa ry’iminsi 10 ari na ryo ryobereyemwo ivyo biteramo kugira abitavye bidagadure.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya neza icinyegeje inyuma. Maze riganira n’umwe mu begereye abateguye iryo hayanishwa n’ivyo biteramo. Yaduhaye amakuru ariko adusaba kutamuvuga amazina ku bw’umutekano wiwe.

Yagize ati “Ndabizi neza kuva mu ntango. Hoba hari uwundi muntu, Umutambukanyi w’umutegetsi akomeye yateguye irindi hayanishwa kuri ayo matalike nyene. N’ikibanza citiriwe ukwikukira yaramaze kukironka. Murumva rero ko uwo mutambukanyi ari we reta yashize imbere kurusha Akeza Creation. Harimwo izindi nyungu, kumbure z’uwo mutambukanyi kuko afise umugabo akomeye muri reta”, uku ni ko yatubwiye.

Umudandanza w’ivyuma vy’indirimbo i Bujumbura yemereye Ijwi ry’Amerika ko uwo mukenyezi yamaze gukota ibikoresho bishikana kure amajwi bizokoreshwa kuri ayo matalike nyene yobereyeko ibiteramo ndetse n’ikibanza kimwe.

Ubuyobozi bwa Akeza Creation buvuga ko mu gutumira abanyarwanda kugira baje muri ivyo biteramo harimwo n’intumbero yo kunywanisha ivyo bihugu bibiri.

Uwegereye ababiteguye na we ati “Kubuza abanyarwanda kuza kwidagadurira mu Burundi bifatwa nk’agatosi mu migenderanire yariko iranaguka”.

Ijwi rya Amerika twahamagaye incuro nyinshi umuririmvyi Israel Mbonyi kugira agire icabivugako ariko twamukenye. Ico bikoze, yari yanditse ku rubuga rwiwe kwa Twitter agira ati: “Inyuma y’incuro zirenga 100 ngerageza bikanka, ubuho bigiye vyakunda. Sije nzobona harageze kugira ndabe ingene umuriro waka mu biteramo”.

Jean Pierre Nimbona batazira Kidumu wewe yavuganye n’Ijwi rya Amerika, ari i Nairobi muri Kenya.

Yagize ati “Ndababaye kubona nankirwa kuja kugirisha ibiteramo mu gihugu canje. Simbona ico bampoye, ariko ntakundi. Narinzi ko nzobica bigacika twe na Mbonyi”.

Ku rundi ruhande ariko, ibiteramo vy’uyu muririmvyi afise abavyeyi b’Abanyamulenge bakomoka mu ntara ya Kivu y’amaj’epfo mu buseruko bwa Kongo vyari vyiyamirijwe n’abanyamulenge baba canke babaye mu Burundi.

Basigura ko ayo matalike y’ukwezi kw’umunani, italike 13, ari zo baburiyeko ababo barenga 160 biciwe mu Gatumba mu mwaka w’2004.

N’aho biri uko, umunyamakuru akurikiranira hagufi imiziki mu Burundi yabwiye Ijwi rya Amerika ko indirimbo zihuza abaririmvyi b’Abarundi n’Abanyarwanda ziri mu bintu bikomeye bikomeza umubano hagati y’ivyo bihugu bibanyi, vyari bimaze igihe bidacana uwaka.

Yibaza ko ingingo yafashwe yo kwima uruhusha abaririmvyi b’abanyarwanda ari iya politike. Asaba ko utwigoro twose two kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’u Rwanda twoshigikirwa.

Ibiro vyo kumenyeshamakuru mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’umutekano vyatubwiye ko iyo ngingo ari ntasubirwamwo ku mvo zo kwirinda ikiza c’umugera wa Korona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG