Uko wahagera

Ibihano ku Burusiya Bishobora Gucanishamwo Abanyaburaya


Amabendera y'ubumwe bwa Buraya hanze y'icicaro c'Ubumwe i Buruseli mu Bubirigi
Amabendera y'ubumwe bwa Buraya hanze y'icicaro c'Ubumwe i Buruseli mu Bubirigi

Aba ambasaderi 27 b’ibihugu bigize ishirahamwe rya Buraya kuri uyu w’Imana barabiye hamwe ingene bohuza ku kibazo batarumvikanako ku bihano bafashe ku gitoro bakura mu Burusiya. Ni imbere y’inama itegekanywa i Buruseli mu Bubirigi muri iyi ndwi.

Abategetsi bo muri uyo muryango bafise ubwoba ko mu gihe batogira ico bumvikanyeko bishobora gutuma haba ugucanamwo mu nama y’imisi ibiri ihuza kuva kuri uyu wa mbere abaperezida b’ivyo bihugu.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, bitegekanijwe ko ashikiriza ijambo muri iyo nama aho azosaba ubumwe bwa Buraya guhagarika burundu ibitoro bukura mu Burusiya.

Ibihano bishasha ubumwe bwa Buraya bwari bwateguriye Uburusiya ntivyashigikiwe na Hongiriya. Iki gihugu nta muhora gifise ugishikana kw’ibahari kugira gishobore kuronka igitoro gitwarwa n’ubwato buciye mw’ibahari.

Mu gitoro Hongiriya ikoresha, ibice 65 biva mu Burusiya, giciye mu muringoti wiswe Druzhba, uva mu Burusiya, ugashika mu bihugu vyo mu buseruko no hagati mu Burayi. Hongiriya yaranse ikiringo c’imyaka ibiri catanzwe n’ibindi bihugu vya Buraya kugira bizobe vyavavanuye no kugura ibitoro vy’Uburusiya. Isaba imyaka ine hamwe n’imfashanyo ingana hafi imiriyoni 860 z'amadolari yo kwubaka amahinguriro yayo.

Mu gihe aba ambasaderi b’ibihugu vya Buraya bokumvikana kuri uyu w’Imana, ku bihano bishasha ku bitoro bakura mu Burusiya, bizoca biba ngombwa ko amareta yabo abanza kuvyemeza imbere y’uko bishirwa mu bizokwigwa muri iyi nama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG