Uko wahagera

Ibihugu vya G-7 Vyafatiye Ibihano Uburusiya


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, mu nama ya G7 yabereye ku buhinga bwa Videwo, kw'itariki ya 8/05/2022
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, mu nama ya G7 yabereye ku buhinga bwa Videwo, kw'itariki ya 8/05/2022

Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu bikize vyo mu burengero bw’isi bigize umurwi wa G-7 kuri uyu w’Imana bemeranije guhagarika kugura ibitoro vy’Uburusiya. Ivyo bihugu bivuga ko Uburusiya ariho bukura amafaranga abufasha mu ntambara bwatanguje muri Ukraine.

Abakuru b’ibihugu vya G-7 ari vyo Ubwongereza, Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani na Reta zunze ubumwe za Amerika bavuze ko iyi ngingo izogira ingaruka ku butunzi bw’Uburusiya. Hari inyuma y’inama yabahuje na Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.

Reta zunze ubumwe za Amerika iza yarahagaritse kugura ibitoro vy’Uburusiya, mu gihe ibindi bihugu 27 vya Buraya vyatangaje ko bitegekanya gukurikira ingendo ya Amerika.

Amerika yavuze kandi ko izobuza abanyamerika gukorana n’amakompanyi y’Abarusiya mu buryo bw’amafaranga kugira abatunzi mu Burusiya ntibabandanye batunga ngo baterere Perezida Poutine mu ntambara arimwo muri Ukraine.

Amerika yavuze kandi ko iza yaramaze guhagarika guha amaviza 2.600 abarusiya n’abanyabiyerorusiya yagiriza kugira uruhara mu twigoro two gusenya Ukraine. Biyerurosiya ni kimwe mu bihugu bifitaniye ubucuti bwa hafi n’Uburusiya.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG