Uko wahagera

Perezida wa Ukraine Aridogera Inyifato y'Ubudagi.


Abashingamateka b'Ubudagi bariko bumviriza perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ku ntambara iri mu gihugu ciwe, i Berlin, kw'itariki ya 17/03/2022
Abashingamateka b'Ubudagi bariko bumviriza perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ku ntambara iri mu gihugu ciwe, i Berlin, kw'itariki ya 17/03/2022

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy kuri uyu wa kane yasavye imfashanyo Ubudagi, abwira inama nshingamateka y’ico gihugu ko hari uruhome rushasha ruriko rurubakwa ku mugabane wa Buraya hagati y’ “Ukwishira n’ukwizana n’ububisha.” Yavuze ko uru ruhome ruriko ruraba runini igihe cose hari bombe iguye kuri Ukraine, ntihagire ingingo zifatwa.

Yaneguye Ubudagi kuba bufasha mu bikorwa vy’umurongoti wa Gaze izova mu Burusiya, avuga ko Ubudagi bwashize imbere inyungu z’ubutunzi imbere y’umutekano wa Ukraine.

Perezida Zelenskyy yavuze ibi mu gihe mu gisagara ca Mariupol co mu bumanuko bwa Ukraine, utwigoro two gutabara abantu twabandanije kuri uyu wa kane, aho Ukraine yavuze ko Uburusiya bwagavye ibitero vy’indege mu kibanza carimwo abasivile amajana bari binyegeje.

Uburusiya ariko bwo burahakana kugira uruhara muri ivyo bitero.

Ku musi wa gatatu, perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yarishuye akamo ka Ukraine mu gutanga imfashanyo ingana imiriyoni 800 z’amadolari zirimwo n’ibirwanisho vyo kuzibira ibisasu vya misile vy’Uburusiya. Iyi mfashanyo nshasha ya Amerika iciye ishikana ku muriyaridi w’amadolari Amerika ihaye Ukraine iyi ndwi gusa.

Abategetsi bo mu bihugu vy’uburengero bw’isi bavuze kuri uyu wa kane ko hari ukudahuza kunini hagati y’intumwa z’Uburusiya n’iza Ukraine mu biganiro vyabaye ku musi wa gatatu. Umutegetsi atashimye ko amazina yiwe amenyekana yavuze ko hari igihengeri kinini hagati y’ibibazo bitumvikanywako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG