Uko wahagera

Perezida Zelensky Yashikirije Ijambo Abashingamateka ba Amerika


Zelensky
Zelensky

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yibukije inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu ibitero vy’iterabwoba vyabaye muri Amerika kw’itariki ya 11 ukwezi kw’icenda, n’ico i Pearl Harbor mu 1941 vyahitanye benshi muri Amerika aca asaba ibirwanisho vyo kurwanya Uburusiya. Hari mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zikoranye kuri uyu wa gatatu hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo.

Haheze amasaha make ahejeje gushikiriza ijambo, Perezida Zelensky yaciye ahabwa umuhango na Perezida Joe Biden w’umuriyaridi w’amadolari wo kuzogura ibindi birwanisho bishasha.

Muri iryo jambo ryiwe, perezida wa Ukraine yongeye gusaba ibihugu vyo mu burengero bw'isi ko biziririza indege z’Uburusiya ziguruka mu kirere ciwe. Ariko ibi Perezida Biden yarabimuhakaniye kuko vyoca biba imbarutso y’intambara ya gatatu y’isi.

Intambara imaze indwi zirenga zitatu muri Ukraine imaze guhitana abasivile amajana hamwe n’abarenga imiriyoni zitatu bahunze. Perezida Zelensky yavuze ko igihugu ciwe kiriko kirwanya uwukora iterabwoba Uburayi butari bwigere kubona mu myaka 80.

Ariko ku makenga y’ibihugu vyo mu burengero y’uko haramutse hategetswe ko ata ndege y’Uburusiya iguruka mu kirere ca Ukraine hoba intambara y’isi, Perezida Zelensky yasavye ko yopfuma ahabwa ibirwanisho bikomeye akirwanira wenyene.

Perezida Biden, agetekanya kubonana mu ndwi iza na bagenze we bo muri OTAN i Buruseli. Asa n’uwuremerewe aho ariko agerageza kuraba imfashanyo aha Ukraine ku rugero rw’uko atinjira mu ntambara n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG