Uko wahagera

Muri Nijeriya Abitwaje Ibirwanisho Bishe abashika 57 muri Reta ya Kebbi


Ikarata ya Nijeriya yerekana reta ya Kebbi
Ikarata ya Nijeriya yerekana reta ya Kebbi

Muri Nijeriya, abantu bitwaje inkoho barishe abantu bashika 57 bo mu mirwi y’abanyagihugu bahisemwo kwicungerera umutekano, mu mirwano yabahuje mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya. Perezida Muhammadu Buhari yaneguye yivuye inyuma iyicwa ry’abo bantu bishwe n’abo abanyagihugu bakunze kwita abasuma, bica bakiba abanyagihugu mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya.

Abajejwe umutekano bemeje ko uko gutana mu mitwe kwabaye ku musi wa mbere muri zone ya Zuru muri reta ya Kebbi. Bavuze kandi ko ibiziga 57 ari vyo vyatowe, mu gihe abanyagihugu bo bemeza ko abantu 62 ari bo bishwe. Uburaruko bushira uburengero no hagati muri Nijeriya niho hacumbitse iyo mirwi y’abasuma bafise amakambi mw’ishamba ry’i Rugu, rihana imbibe n’amareta ya Zamfara, Katsina, Kaduna na Nijeri.

Perezida Buhari yongeye kwemerera abanyenijeriya ko azokora ibishoboka vyose kugira arangize ubwo bwicanyi. Yasavye abajejwe umutekano kongereza inguvu mu bikorwa vyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG