Uko wahagera

RDC: Imyiyerekano Yiyamiriza Kabila Yaburijwemwo Bikomeye


Aabanyagihugu i Nyawera mugisagara ca Bukavu.
Aabanyagihugu i Nyawera mugisagara ca Bukavu.

Imyiyerekano yiyamiriza Perezida Joseph Kabila muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kur’uyu wa gatatu yarahashijwe bishimishije nkuko abategetsi bavyipfuza.

N’inyuma y’aho ku musi wa kabiri ONU yari yasavye reta ya Kongo kureka abipfuza kugira ico bashikirije bakabikora kuko babifitiye uburenganzira.

Nta bwicanyi bwabaye kiretse umuntu umwe yakomerekejwe n’urusasu i Kinshasa, abandi 19 barafatwa mu bisagara vya Goma, Lubumbashi, Matadi, nkuko vyashikirijwe n’igipolisi.

Igiporisi kimenyesha kandi ko har’ubundi bugizi bwa nabi bwabaye mu bisagara bitari bike ahaturiwe amapine y’imodoka, bus imwe yunguruza abantu nayo iraturirwa.

Abegereye ubutegetsi kandi bashigikiye Kabila bashimiye Abanyekongo kubona bavyifashemwo neza.

Mwibuke ko iyo myiyerekano yar’itumbereye kwiyamiriza ikirangamisi giheruka gutangazwa n’umurwi ujejwe gutunganya amatora, gishira amatora y’umukuru w’igihugu mu mpera z’umwaka wa 2018.

Abatavugarumwe na reta basaba Kabila gukinjura mu mpera z’uyu mwaka wa 2017, nkuko abanyepolitike bavyumvikanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG