Uko wahagera

ONU: Abagira Imyiyerekano muri RDC Babifitiye Uburenganzira


Maman Sidikou, intumwa ya ONU Muri RDC kandi arongoye Monusco.
Maman Sidikou, intumwa ya ONU Muri RDC kandi arongoye Monusco.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo ko ikwiye kugaba ntihungabanye uburenganzira bwa muntu mu gihe abatavugarumwe n’ubutegetsi bategekanya kur’uyu wa gatatu imyiyerekano.

Biyamiriza ikirangamisi c’amatora y’umukuru w’igihugu cemerera Perezida Joseph Kabila kuguma ku butegetsi gushika mu kwezi kwa mbere umwaka w’2019.

Mw’itangazo ryashikirijwe kur’uyu wa kabiri, Maman Sidikou, arongoye Monusco muri RDC yatangaje ko bafise ububasha bwo gukurikiranira hafi ibiba kandi bagatanga raporo kw’ihungabanywa ry’agateka ka muntu.

ONU isaba abategetsi ba Kongo kwubahiriza uburenganzira bwa muntu nkuko biri no mw’ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu.

Monusco yibutsa kandi Abanyekongo ko naho bafise uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo ariko basabwa kwirinda ico cose coza gihungabanya ubuzima bwa muntu.

Mwibuke ko amashirahamwe atari make arimwo Luca, Filimbi yifatanije n’abanyepolitike batavugarumwe na reta kur’uyu wa gatatu basavye abanywanyi babo kuja mu mabarabara bakiyamiriza ikirangamisi c’amatora catangajwe kw’itariki ya 5 y’uku kwezi kwa cumi na kumwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG