Uko wahagera

Ubulayi Buzafasha ku Kibazo ca Koreya ya Ruguru


Federica Mogherini ashinzwe imigenderanire m'Umuryango w'Ubumwe bwa Bulayi
Federica Mogherini ashinzwe imigenderanire m'Umuryango w'Ubumwe bwa Bulayi

Umukuru ajejwe imigenderanire m’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, Federica Mogherini kur’uyu wa mbere yasavye amakungu gukoresha uburyo bushingiye ku mahoro atari igisirikare kugira barangize ibibazo vya Koreya ya ruguru isabwa ubwayo kwirinda gusomborotsa abandi.

Amenyesha ko Ubumwe bwa Bulaya bwiteguye gushigikira umugambi w’ibiganiro hagati ya Koreya ya ruguru n’amakungu kugira hahagarikwe intambara ishobora kwaduka ikabangamira akarere ka Aziya n’ibindi bice vy’isi.

Mogherini asaba Koreya ya ruguru guhagarika agasomborotso no guhagarika umugambi wayo wo kubandanya ukora ibirwanisho vy’ubumara.

Mwibuke ko ivya Koreya ya ruguru vyunyuwe n’aho perezida Donald Trump w’Amerika agabishirije ico gihugu ko kizokanguka kibona umuriro ucakirako inyuma y’aho Koreya ya Ruguru kigaragarije umugambi waco wo gutera misile zine hafi y’izinga rya Guam riri mw’ibahari pasifike risanzwe ryegukira Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Mwomenya ko Ubushinwa busanzwe bushigikiye ico gihugu, kur’uyu wa mbere bwatangaje ko buhagaritse imigenderanire y’ubudandaji na Koreya ya ruguru mu gushira mu ngiro ibihano ONU iheruka gufatira Koreya ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG